Uko wahagera

USA: Katolika Yarishe Imiriyoni $85 Abakorewe Ivyaha n'Abapadiri Bayo


Archbishop w'i Philadelphia
Archbishop w'i Philadelphia

Diyoseze Katolika y’i New Jersey mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika yemeye kuriha imiriyoni 87.5 z’amadolari ku bantu amajana bayagirije ko bakorewe ivyaha bishingiye ku gitsina. Ni amafaranga ya mbere menshi arishwe muri Katolika yo muri Amerika.

Uyu mwumvikano hagati ya Diyoseze y’i Camden, hafi y’igisagara ca Philadelphia, n’abantu 300 bakorewe amabi mu myaka y’1970 n’1980 watangajwe kuri uyu wa kabiri.

Ekleziya Katolika muri Reta zunze ubumwe za Amerika imaze imyaka yagirizwa ivyaha bishingiye ku gitsina vyakozwe n’abapadiri bayo.

Hagati y’imyaka y’1950 na 2016, Katolika yo muri Amerika yakiriye ibirego 18.500 ku bakozi bayo 6.700 nkuko biri mu rubuga rwa interineti bishop-accountability.org.

Abakuru batari bake ba Ekleziya katolika muri Amerika vyabaye ngombwa ko batanga imihoho kubwo ivyo vyagiriji, barimwo na Kardinal Bernard Law.

Mu mwaka uheze, Theodore McCarrick, yahoze ari Kardinal muri Katolika y’i Roma muri Amerika yararengukshijwe imbere ya sentare ku vyaha nk’ivyo. Yavuze ko yera, ata caha co gusambanya abakiri bako yakoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG