Uko wahagera

Papa Fransisiko Yakeje Perezida Yatowe Joe Biden


Papa Fransisiko ashikiriza ijambo rya buri ndwi ku kirimba iwe Vaticano, kw'italiki ya 11/11/ 2020.
Papa Fransisiko ashikiriza ijambo rya buri ndwi ku kirimba iwe Vaticano, kw'italiki ya 11/11/ 2020.

Papa Fransisiko yavuganye n’uwatowe kuba perezida w’Amerika, Joe Biden kuri telephone, amwifuriza imihezagiro yongera aramukeza ku ntsinzi yiwe. Vyashikirijwe n’umugwi w’abademokrate uriko urategura ibisikanya ku butegetsi.

Uwahoze ari visi perezida Biden, w’imyaka 77, abaye umukristu wo mw’idini rya Katolika agira kabiri atowe ku mwanya wa perezidanse ya Amerika, inyuma ya John F Kennedy mu 1960.

Perezida yatowe Biden yashimiye Papa kubwo kumukeza yongera aramushimira ku guharanira amahoro n’ubwiyunge kw’isi, nkuko ibiro vya Biden bibivuga.

Mu myiyamamazo y’amatora y’uyu mwaka wa 2020 ahangana na Perezida Donald Trump, Biden yavuze ko Papa Yohani Paul wa II, yakunze kwiyemeza kugarukana umutima wa Amerika inyuma y’imyaka ine y’inzankano.

Papa Fransisiko ubwiwe yagiranye imigenderanire idashemeye na Trump. Mu ntango za 2019 yavuze ko umugambi wa Trump wo kwubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique ari igitukisha.

Igihe Trump yariko arondera kwitoza mu kwezi kwa kabiri 2016, Papa yavuze igihe yari mu rugendo muri Mexique ko umuntu yiyumvira kwubaka impome mu gishingo c’ibiraro atari umukristo.

Mu 2015 Papa yarabonanye n’icegera ca perezida Biden i Washington igihe Fransisiko yariko ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka y’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG