Uko wahagera

Amerika Isaba Vatikani Guhagarika Kugena Abepiskopi mu Bushinwa


Umushikiranganji w'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo.
Umushikiranganji w'Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Mike Pompeo ariko arabonana n’abategetsi b’i Roma mu Butaliyano, aho yerekanye ko hari ihamwa rikorerwa imirwi y’abanyamadini mu Bushinwa. Yasavye Ekleziya Katolika guhagarika amasezerano n’Ubushinwa.

Umushikiranganji Pompeo abivuze mu gihe Vatikani n’Ubushinwa bari mu biganiro vyo kubandanya amasezerano yo mu 2018 kw’igenwa ry’abepiskopi. Ibiri muri ayo masezerano ntivyigeze bishirwa ahabona, ariko yerekeye kuwufise ububasha bwo kugena abepiskopi Katolika mu Bushinwa.

Pompeo yavuze ko ata na hamwe kw’isi ubwigenge bw’amadini bubangamiwe nko mu Bushinwa kandi ko ataho abayoboke ba Katolika bahamwa kiretse muri ico gihugu.

Mu Bushinwa hari ibice bibiri vy’abayoboke ba Katolika, aba mbere bemewe na reta, ariko abanda bitwa ko bigenga bagizwe n’umurwi w’amashengero ayoboka Vaticani.

Abategetsi ba Vaticani bavuze ko bafise ubugombe bwo kubandanya ayo masezerano, ariko ko bakeneye kuvugana n’abategetsi b’Ubushinwa.

Ababikurikiranira inyuma bavuga ko bidasobanutse ukuntu ayo masezerano abuza abategetsi ba Ekleziya Katolika kugena abepiskopi mu Bushinwa, aho reta y’igikomunisita igenzura ukwizera kw’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG