Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Barishe Abantu Bashika 100 Hagati muri Nijeriya


Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yavuze ko ata mbabazi azogirira abari inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abarenga 100 mu bitero vyabaye hagati muri Nijeriya.

Abagabo bitwaje ibirwanisho barateye imihana itari mike y’abanyagihugu ku musi w’Imana muri reta ya Plateau bongera banyuruza abatari bake muri gariyamoshi, muri reta ya Kaduna.

Abategetsi babiri bo muri ako karere hamwe n’abajejwe umutekano bavuze kuri uyu wa kabiri ko ku musi w’Imana, abitwaje inkoho bateye imihana ine muri reta ya Plateau, bica abarenga 100 hamwe n’amazu menshi yasambuwe.

Amareta yo mu buraruko bushira uburengero hamwe no hagati muri Nijeriya ari mu bibazo vy’umutekano uterwa n’abajihadiste. Naho igisirikare gikora uko gishobora kugira kibakure mu mashamba binyegejemwo, ibitero vy’iyindi mihari y’abasuma vyariyongereye.

Abajejwe umutekano ba Nijeriya bamaze kandi imyaka 12 barwanya iterabwoba rya Boko Haram hamwe n’ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu burengero bwa Afrika. Iyo mihari yose irwanira mu buraruko bw’igihugu.

Iyi ntambara imaze kwica abantu barenga 40.000 hamwe n’abashika imiriyoni 2.2 bataye ingo zabo kuva itangura muri reta ya Borno mu 2009.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG