Uko wahagera

Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho Cahitanye Abagera kuri 50 muri Nijeriya


Ikarata y'ahaherereye intara ya Plateau
Ikarata y'ahaherereye intara ya Plateau

Igitero c'abantu bitwaje ibirwanisho cahitanye abantu bagera kuri 50, abandi batari bake baranyuruzwa muri Reta ya Plateau iri hagati mu gihugu ca Nijeriya.

Umuguvizi wa Bulamatari wa Reta ya Plateau, Simon Lalong, yatangaje ko abo bantu bishwe igihe amazu n’amatungo yabo vyasamburwa. Yamara ntiyatanze igitigiri nyakuri c’abapfuye.

Ico ni kimwe mu bitero bitari bike vyakozwe n’inkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho mu bice vyo mu buraruko bwa Nijeriya. Ibitero nk’ivyo biraba kenshi muri iyo reta ihana urubibe na Reta ya Kaduna, aho abikekwa ko ari inkozi z’ikibi bateye ibisasu vyasambuye amayira ya gali ya moshi, bikanica abantu 8. Abo bagizi ba nabi baranyuruje kandi abantu bake mu kwezi guheze.

Abantu bitwaje ibirwanisho barishe abasirikare 15 mu ndwi iheze mu gitero bakoze kw’ikambi y’igisirikare yo muri Reta ya Kaduna. Jonathan Ishaku, ayoboye inararibonye zo muri Reta ya Plateau avuga ko biyamiriza bivuye ubwo bwicanyi. Amenyesha ko inteko zijejwe umutekano zikwiye kubohoza mu maguru masha abantu bose banyurujwe. Uwo mugabo w’inararibonye, Ishaku, yemeza ko abantu batari musi ya 50 bapfuye, mu gihe abandi 70 barimwo abapfasoni n’abana banyurujwe mu mihana y’ahantu icenda hatandukanye, ku muhingamo wo ku musi w’Imana urangiye. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG