Uko wahagera

ONU Yipfuza Gukura Uburusiya mu Kanama k'Agateka ka Muntu


Abantu Bishwe mu gisagara ca Bucha
Abantu Bishwe mu gisagara ca Bucha

Inama rusangi ya ONU itegekanya gutora kuri uyu wa kane nimba Uburusiya bwokurwa mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu ku vyo bwakoze muri Ukraine.

Kugira Uburusiya bukurwe muri ako kanama, bibiri vya bitatu vy’ibihugu 193 bikagize bibwirizwa kuvyemeza.

Mu ntango z’iyi ndwi, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield yavuze ko kubona Uburusiya buri muri ako kanama bibabaje, aca asaba ko bukurwamwo.

Kuva kw’itariki ya 24 y’ukwa kabiri Uburusiya butera Ukraine, inama rusangi ya ONU imaze kwemeza amategeko abiri yiyamiriza ibikorwa vy’Uburusiya muri Ukraine.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG