Perezida wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa kuri uyu wa mbere yatangaje ko amategeko yose yari yarafashwe yo kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa Covid-19 zitazoba zigikurikizwa kuva isaha zitandatu z’ijoro z’uyu wa mbere ushira uwa kabiri. Yavuze ko igihe kigeze co gusubira kugwiza ubutunzi bw’igihugu.
Ramaphosa yavuze ko igihugu ciwe, casinzikaye cane kuruta ibindi ku mugabane wa Afrika. Cavuye ku 420 bapfa ku musi mu kwezi kw’indwi mu mwaka uheze gishika ku bapfa 12, mu ndwi iheze. Reta yahisemwo kurangiza ingingo igihugu cafashe kuva kw’itariki ya 15 z’ukwa gatatu, 2020.
Ubutunzi bwa Afrika y’epfo bwarasubijwe inyuma n’ikiza ca COVID-19, aho abashomeri biyongereye gushika ku bice 35.3 kw’ijana mu mezi atatu ya nyuma yo mu 2021.
Perezida Ramaphoza yavuze ariko ko izindi ngingo nko kwambara udupfuka munwa mu mazu yugaye bizogumizwaho mu misi 30 iri imbere.
Afrika y’epfo niyo yafashe umwanya wa mbere ku mugabane wa Afrika w’abanduye COVID-19 ku barenga imiriyoni 3.7 ku barenga imiriyoni 11.3 banduye ku mugabane wose.
@AFP
Facebook Forum