Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yoroheje Amategeko yo Kwirinda Corona


Bamwe mu baganga bo muri Afurika y'Epfo
Bamwe mu baganga bo muri Afurika y'Epfo

Afrika y'epfo yoroheje ingingo yari yafashe z'uguhangana n'ikiza ca Covid-19. Ni mu gihe ibitigiri vy'abandura ico kiza biriko biragabanuka mu gihugu. Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje ko kwambara udufukamunwa bitakiri itegeko, mu gihe abantu baba bari hanze, mu gihe abagendera ico gihugu bicandagishije bavuye mu mahanga batagitegerezwa kwerekana ivyemezo vy’uko badafise Covid-19.

Yatangaje ko ari ukuvuga ko buguruye kurushiriza ubutunzi bw’igihugu, kandi basubiye kubandanya imirimo mu bijanye n’imibano hamwe n’imico, bari bamaze imyaka ibiri badashobora kurangura.

Iyoroshwa ry’ingingo zari zafashwe bizotuma kandi ibibuga vy’inkino n’ibibanza bigirirwamwo ibiteramo vy’umuziki bishobora kwuzuza ibice 50 kw’ijana vy’abantu bishobora kwakira bicandagishije canke berekanye ivyemezo ko badafise Covid-19.

Afrika y’epfo nico gihugu cageramiwe bikomeye cane na Covid-19 kurusha ibindi bihugu muri Afrika. Abantu bagera ku 100.000 barahitanywe n’ico kiza mu gihe abarenga imiliyoni 3 n’ibihumbi amajana indwi banduye uwo mugera kuva wiyadukije mu mwaka w’i 2020.

Mu ndwi za vuba, ibitigiri vy’abahitanwa n’ikiza ca Covid-19 canke abasinzikazwa cane n’ico kiza vyaragabanutse bikomeye. Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Democratic Alliance, wasavye reta gukuraho ingingo zose zafashwe mu ntumbero y’ukurwanya ikiza ca Covid-19. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG