Uko wahagera

Afrika y'epfo: Igitigiri c'Abamaze Gufpa mu Migumuko Gitera Ciyongerra


Abasirikare bariko bagenzura igice ca Soweto, mu gisagara ca Johannesburg, ku musi wa kabiri, italiki 13, ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2021
Abasirikare bariko bagenzura igice ca Soweto, mu gisagara ca Johannesburg, ku musi wa kabiri, italiki 13, ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2021

Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, Igipolisi muri Afrika y’epfo kimenyesha ko abantu 72 bishwe abandi 1,234 barahagarikwa mu ruhagarara rwatewe n’ipfungwa mu ndwi iheze rya Zuma yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo.

Mw’itangazo ku musi wa kabiri mw’ijoro, igipolisi catangaje ko benshi mu bapfuye bahonyanzwe igihe amamangazinzi yasahurwa.

Kimenyesha ko hariko haraba itohoza ku bantu 27 bapfuye mu ntara ya KwaZulu Natal hamwe n’abandi 45 mu ntara ya Gauteng.

Umuntu aretse abapfuye bahonyanzwe, igipolisi kiriko kiratohoza abo bisa nuko bapfuye barashwe.

Uruhagarara n’ubwicanyi vyadutse inyuma yuko Zuma atanguye igihano c’ugupfungwa amezi 15 ku musi wa kane w’indwi irangiye kubera yakengeye sentare ku musi wa kane.

Urwo ruhagarara rwavuyemwo gusahura mu bisagara vyo mu ntara za KwaZulu Natal na Gauteng, naho bitakwiragiye mu zindi ntara 7 zigize igihugu aho igipolisi kiri magabo.

Ingingo y’ukurungika abasirikare 2,500 gufasha igipolisi ntivyashoboye guhagarika ugusahura kwimonogoje. Ivyo naho abantu bariko barahagarikwa mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Johannesburg.

Gusahura vyarabandanije ku musi wa kabiri mu mamangazini mu bice vy’akerere ka Johannesburg harimwo igice ca Soweto.

Abategetsi bagumye bagabisha abanyagihugu, harimwo abashigikiye Zuma n’incuti ziwe kudakoresha imbuga ngurukanbumenyi mu ntumbero y’ugukokeza imigumuko. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG