Uko wahagera

Kenya: Sentare Ntahinyuza Yanse Umugambi wo Guhindura Ibwirizwa Shingiro


 Raila Odinga (iburyo) na Raila Odinga
Raila Odinga (iburyo) na Raila Odinga

Sentare ntahinyuzwa muri Kenya yemeje ko guhindura ibwirizwa shingiro bizohindura uko igihugu cubatse muri poritike kandi biteye kubiri n’amategeko. Iyi ngingo ihagaritse utwigoro twa Perezida Uhuru Kenyatta two guhindura kazoza ka poritike k’igihugu.

Abacamanza batandatu ku ndwi bagize iyo sentare bemeje ko guhindura ibwirizwa shingiro bibwirizwa kuva mu banyagihugu basanzwe atari kuri perezida.

Inyuma y’amatora yo mu 2017 yabayemwo impari nyinshi kandi agabura igihugu mu bice, Perezida Kenyatta n’uwo batavuga rumwe, Raila Odinga barashize ahabona umugambi wabo wo gushira hamwe no kwirinda izindi ntureka.

Uyu mugambi wari ugamije gushiraho ibiro vyamaho vy’umushikiranganji wa mbere hamwe n’iyindi myanya 70 ya poritike. Abo bategetsi bavuze ko uburyo bwiza bwo kurinda indyane za poritike zama zabaye muri Kenya ari ugushiraho ibibanza vyinshi vya poritike.

Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yavuze ko ishigikiye ivyemejwe n’amasentare yatanguye kwiga kuri iyo dosiye. Aya masentare nayo nyene yemeje ko ari umugambi uteye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Kenya.

Raila Odinga yahawe ikibanza c’umushikiranganji wa mbere igihe haba ugusabikanya ubutegetsi inyuma y’imvururu zo mu 2007 zari zishingiye ku matora. Ariko inyuma y’amatora yo mu 2012, uwo mwanya waciye ukurwaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG