Uko wahagera

Perezida Ndayishimiye Yasavye Abanyakenya Kuzana Imitahe mu Burundi


Perezida Uhuru Kenyatta na Evariste Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abagwizatunga bo muri Kenya kujana imitahe yabo mu Burundi ku bwinshi. Kuri uyu wa kabiri yageze muri Kenya mu rugendo rw'imisi ibiri mu ntumbero yo kwifatanya n'abanyagihugu baho guhimbaza umusi wa Madaraka Day bibuka aho ico gihugu ciganzura abakoroni.

Mugenzi wiwe wa Kenya Uhuru Kenyatta yavuze ko habaye amasezerano yo gufashanya mu bisata bitandukanye harimwo uburimyi, uburovyi no gukoresha amazi y'ikiyaga Victoria.

Agishika ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, Perezida Evariste Ndayishimiye yakiriwe n’umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga. Yaciye aja mu gisagara ca Kisumu mu burengero bw'ico gihugu akaba ari nawe mushitsi w’iteka w’umunyamahanga wa mbere ageze muri ico gisagara nk’uko mugenzi we Uhuru Kenyatta yabivuze.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza yakurikiranye uru rugendo.

Ivyavugiwe mu Rugendo Perezida Ndayishimiye Arimwo muri Kenya
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG