Uko wahagera

Kenyatta, Perezida wa Mbere wa Afrika Azokwakirwa na Joe Biden


Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden azokwakira Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta ku musi wa kane. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere rw’umuperezida wa Afrika muri White House ku ntwaro ya Biden.

Umubonano hagati y’abo bategetsi uzoba kimwe mu vyo Perezida Biden yiyemeje ko ugukorana hagati ya Amerika na Afrika kwisunga ukwubahana no kungana, nkuko itangazo ryasohowe na White House kuri uyu wa kabiri ryabitomoye.

Iri tangazo rivuga kandi ko Perezida Biden na Perezida Kenyatta bazovugana ko ari ngombwa gukorera mu muco no guhana ivyaha bifatiye ku mafaranga haba mu gihugu canke mu makungu, cane cane bishingiye ku bunyonyezi bw’amafaranga hamwe n’ibiturire. Uko ari babiri bazoganira kandi ku twigoro two guharanira demokarasi, agateka ka zina muntu, umutekano, kwongereza ubutunzi hamwe no kurwanya ihindagurika ry’ibihe.

Perezida Biden yinjiye ku butegetsi yiyemeza gushira inguvu kuri Afrika inyuma y’aho uwo yasubiriye Donald Trump, yabaye umuperezida wa mbere wa Amerika atigeze ahonyoza ikirenge mu karere ka Afrika yo munsi ya Sahara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG