Uko wahagera

Perezida Kenyatta Yuguruje Ikivuko ca Kabiri c'i Limu


Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yerekana ikivuko cubatswe n'Ubushinwa i Lamu, kw'itariki ya 20/05/2021.
Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yerekana ikivuko cubatswe n'Ubushinwa i Lamu, kw'itariki ya 20/05/2021.

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yahagarikiye ibikorwa vyo kwugurura ikivuko kigira kabiri c’igihugu, inyuma ya Mombasa, kiri mu gisagara Limu mu buraruko bw’igihugu. Ico kivuko cubatswe n’Ubushinwa ku miriyaridi 3 z’amadolari, kizofasha Etiyopiya, Sudani y’ubumanuko hamwe n’ibindi bihugu bidashika kw’ibahari.

Perezida Kenyatta yavuze ko gishobora kuba umuhora w’akarere, uzotuma gahinduka, ibidandazwa bigahanwahanwa vyoroshe. Iyubakwa ry’ico kivuko c’i Lamu ryatanguye mu 2016. Kuva ico gihe Kenya yaciye itangura guhimiriza ibihugu bibanyi kwitegura kuzogikoresha. Kenyatta avuga ko uwo mugambi uri mu twigoro tw’igihugu two guhindura ubuzima bw’abanyagihugu biwe.

Kenya yiteze kurangiza iyubakwa nyezina ry’ico kivuko mu kwezi kw’icumi k’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG