Uko wahagera

Perezida wa Tuniziya Yakuye Inama Nshingamateka


Perezida wa Tuniziya Kais Saied ashikiriza ijambo aho yari mu rugendo i Sidi Bouzid, muri Tuniziya, kw'itariki 20/09/2021

Perezida wa Tuniziya Kais Saied kuri uyu wa gatatu yasheshe inama nshingamateka yose yongera avuga ko abashingamateka bazokurikiranwa n’ubutungane.

Iri tangazo yarivugiye mu mubonano yagiranye n’inama y’igihugu ijejwe umutekano, haheze amasaha make abashingamateka bakoranye ku buhinga bwa videwo kandi bemeje itegeko rikuraho ingingo zo mu bihe bidasanzwe zafashwe na Perezida Saied mu mwaka uheze.

Perezida Yavuze ko ivyakozwe n’abashingamateka ari ukugerageza kudeta kandi ababikoze yabagirije guhemukira igihugu, kandi bazokurikiranwa n’ubutungane.

Uwo yahoze ari umwigisha w’amategeko, yatowe mu 2019 abanyagihugu bafise ishavu ku banyeporitike. Mu kwezi kw’indwi itariki 25 umwaka uheze, yarakuye reta, ahagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka aca yigarurira ubutegetsi nka bwose.

Abashingamateka bemeje itegeko rifuta ingingo zafashwe na Saied, bavuga ko izo zahagaritse demokarasi kandi vyagarukanye intwaro z’igitugu. Abashingamateka basavye kandi itunganwa ry’amatora y’abashingamateka n’ayo umukuru w’igihugu hamwe n’ibiganiro bigarukana icuka ciza ca poritike mu gihugu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG