Uko wahagera

Prezida wa Tuniziya Abandanya Kwigungana Ubutegetsi


Prezida was Tuniziya Kais Saied
Prezida was Tuniziya Kais Saied

Perezida wa Tuniziya Kais Saied yafashe ingingo yo kwigungirako ubutegetsi mu gukura abacamanza. Iyo ngingo yo gusambura urwego rw’abacamanza bakomeye yatumye ubutegetsi bwiwe bunebagurwa n’abavuga ko abandanya gutwaza igitugu.

Prezida Saied yahagaritse inama nshingamateka agafata ubutegetsi mu ci riheze akoze kudeta, amaze amezi atari make yifatira mu gahanga ubucamanza. Avuga ko bwamunzwe na ruswa kandi ko abacamanza bakorera inda zabo aho gukorera abanyagihugu.

Mw’ijambo yashikirije mu mpera z’indwi iheze, yaratangaje ko agiye gusambura Inama Nkuru y’abacamanza, ifise uruhara rukomeye mu bwigenge bw’ubutungane.

Iyo ngingo yarateye agashavu ishirahamwe ry’abacamanza, amashirahamwe aharanira ineza y’abanyagihugu hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta.

Ibihugu bitanga imfashanyo hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, vyariyamirije iyo ngingo bivuga ko igiye kuvanaho icizere gitoyi cari gisigaye kuri Perezida Saied.

Abacamanza bategekanije imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo uyu musi ku wa gatatu n’ejo ku wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG