Uko wahagera

Prezida wa Tuniziya Avuga ko Atarota Aganira n'Umugambwe Ennahda


Prezida wa Tuniziya Kais Saied

Prezida wa Tuniziya, Kais Saied, ejo ku musi wa kabiri yaratangaje ko atazoganira n’ishyaka Ennahda, rigize igitigiri kinini c’abashingamateka mu nama nshingamateka yahagaritswe.

Umugambwe Ennahda wasavye ko hotunganywa ibiganiro mu gihugu cose mu ntumbero yo gukemura ibibazo. Ni inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kw’indwi Saied akuriye umushikiranganji wa mbere, agahagarika inama nshingamateka, akanigungirako ubutegetsi bwose. Uyo mugambwe uvuga ko ingingo yafashe zimeze nka kudeta.

Ibinyamakuru vyo muri Tuniziya bivuga ko umugambwe Ennahda wahereye isosiyete y’abanyamahanga kugira ngo iwuvuge neza yongere icafuze reta, yamara uyo mugambwe urahakana ayo makuru.

Mu ndwi iheze, abahanuzi ba Prezida Saied babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko afise umugambi wo guhagarika ibwirizwa shingiro agaca ashikiriza Abanyatuniziya integuro ahinyanyuye yo gutegura amatora yo kuryemeza canke kurihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG