Uko wahagera

Abatalibani Basabwa Kwemerera Abakobwa Kwiga


Umushikiranganji w’ubutegetsi bw’Abatalibani yasabwe kuri uyu wa mbere kwemera ko abakobwa basubira kwiga. Ni mu nama yabereye muri Qatar, mu gihe amakungu arushiriza gushikiriza amakenga kw’ihungabanwa ry’agateka ka muntu muri Afuganistani.

Ibihugu vy’Ubwongereza n’Ubudagi biriko birategura inama izoba ku musi wa kane, yo gutororokanya amafaranga yo gufasha Afuganistani, mu gihe amashirahamwe y’abagiraneza agabisha ko hari ikibazo c’ubukene bw’ibifungurwa n’imiti muri ico gihugu c’abantu imiriyoni 37.

Abashikiranganji b’imigenderanire b’ivyo bihugu baragabishije Abatalibani na poritike yabo yo kubuza abakobwa kwiga no guhungabanya agateka k’abakenyezi. Kuri bo ibi bishobora gutuma Afuganistani itaronswa imiriyaridi 4.4 z’amadolari ikeneye yo kuronsa ico gihugu ibifungurwa n’imiti uyu mwaka.

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri Afuganistani, Thomas West, yavuze ko yiteze ko ingingo yo kubuza abakobwa kwiga ishobora guhagarikwa vuba muri Afuganistani.

Ubudagi bwatanze imiriyoni 600 z’amafaranga y’abanyaburaya yo gufasha Afuganistani mu mwaka uheze, ariko ambasaderi w’Ubudagi muri ico gihugu yavuze ko bigoye kwemeza amakungu gutanga amafaranga muri Afuganistani mu gihe abakobwa bimwe uburenganzira bwo kwiga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG