Uko wahagera

Abatalibani Bahagaritse Ibiganiro vya VOA na BBC muri Afuganistani


Serevisi ya Afuganistani kw'Ijwi ry'Amerika
Serevisi ya Afuganistani kw'Ijwi ry'Amerika

Abatalibani bahagaritse ibiganiro vy’Ijwi ry’Amerika na BBC y’Abongereza vyahora bica ku mateleviziyo yo muri Afuganistani. Iyi ni ingingo nshasha mu zindi zafatiwe uburenganzira bwo kumenyeshamakuru, kuva Abatalibani bafashe ubutegetsi mu kwezi kw’umunani 2021.

Ijwi ry’Amerika i Washington, ryaneguye iyo ngingo ryongera risaba Abatalibani kwisubirako kuri yo. Nayo BBC y’Abongereza yasavye Abatalibani guhagarika iyi ngingo bidatevye.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru w’ubutegetsi bw’Abatalibani, abajijwe nimba ubwo bushikiranganji ari bwo bwafashe iyo ngingo, yishuye ko agiye gutororokanya amakuru akazogaruka kwishura mu nyuma. Abanyafuganistani mu gihugu hamwe n’abanyamahanga bakunze kuvuga ko ubwigenge bwabo bwo gushikiriza ivyiyumviro bwabangamiwe ku ntwaro y’Abatalibani muri Afuganistani.

Abamenyeshamakuru bakunze kuza barafatwa bafungwa kandi bahohoterwa n’abajejwe umutekano. Intwaro mfatakibanza y’Abatalibani yarashizeho amategeko agenga umwuga wo kumenyeshamakuru harimwo gusaba ibimenyeshamakuru kwisunga uko Abatalibani basigura amabwirizwa ngenderwako y’idini rya kiyisilamu.

Ihagarikwa ry’ibiganiro vy’Ijwi ry’Amerika na BBC rije mu gihe Amakungu arushiriza kuremera Abatalibani no kwiyamiriza ingingo yo kwima abana b’abakobwa uburenganzira bwo kuja mu masomero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG