Uko wahagera

Amerika Yagenye Intumwa yayo ku Gateka k'Abakenyezi muri Afuganistani


RINA AMIRI
RINA AMIRI

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yagenye intumwa izoja guharanira agateka k’abakenyezi muri Afuganistani. Iyi ntumwa igenwe mu gihe Abatalibani bahagurutse n’inkomezi mu gucinyiza Abakenyezi.

Rina Amiri, umunyafuganistani w’umunyamerika, umuhinga mu guhuza abantu, yarigeze gukora mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu ku butegetsi bwa Perezida Barack Obama. Umushikiranganji w’imigenderanire, Antony Blinken, yavuze ko azoba ari intumwa idasanzwe ku bakenyezi, abakobwa hamwe no ku gateka ka muntu.

Naho Abatalibani bavuga ko biyemeje guhindura ingendo inyuma yo gushikira ubutegetsi mu kwezi kwa munani, abakenyezi batari bake barabujijwe gusubira mu buzi. Abakobwa barabujijwe kubandanya amashure yisumbuye.

Ku musi w’Imana, Abatalibani bavuze ko abakenyezi batemerewe kugira urugendo rurerure batari kumwe n’umuntu w’igitsinagabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG