Abanyeshure bo mu mashure ya Kaminuza muri Afuganistani basubiye mu mashure, inyuma y’aho Abatalibani bafatiye ubutegetsi. Mu mashure amwe amwe abafise igitsina gore batandukanijwe n’abo igitsina gabo hakoreshejwe ibitambara binini canke ibibaho.
Ibibera mu makaminuza n’ayandi mashure muri Afuganistani biriko birakurikiranirwa hafi n’ibihugu rutura. Ni nka kimwe mu bimenyetso bizokwerekana vy’ukuri ivy’iyubahirizwa ry’agateka k’abakenyezi muri iki gihe Abatalibani bagarutse ku butegetsi.
Bimwe mu bihugu vyo mu burengero bw’isi vyavuze ko ugutanga imfashanyo no kwemera ubutegetsi bw’Abatalibani bizokwisunga ingene batwara ibihugu, harimwo n’uko bafata abakobwa n’abakenyezi.
Igihe Abatalibani bari ku butegetsi kuva mu 1996 gushika muri 2001, uwo muhari warakumiriye abakobwa, babuzwa kuja mu mashure, abagore na bo babuzwa kuja muri kaminuza no gukora.
Ntivyamenyekanye nimba Abatalibani ari bo bategetse ko amasomero agaburwamwo kubiri.
Abigisha batari bake bavuze ko batazi neza amategeko Abatalibani bazobaha, inyuma y’indwi zitatu bigaruriye ubutegetsi. (VOA)
Facebook Forum