Uko wahagera

Amerika Yagiriza Uburusiya Ivyaha vyo mu Ntambara


Ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine Birabandanya
Ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine Birabandanya

Reta ya Perezida Joe Biden kuri uyu wa gatatu yagirije Uburusiya kuba bwarakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yavuze ko yisunze amakuru amaze kuja ahagaragara, reta ya Amerika yemeje ko abasirikare b’Uburusiya bakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Ibi vyaha vyegetswe ku Burusiya mu gihe Blinken na Perezida Joe Biden bagiye ku mugabane wa Buraya mu nama yihuta ya OTAN yiga ku ntambara iriko ibera muri Ukraine. Umushikiranganji Blinken yavuze ko asangiza aya makuru n’ibindi bihugu bacuditse vyo muri OTAN.

Blinken aremeza ko habonetse amakuru y’ibitero vya bunyamaswa, vyatewe ku basivile. Uburusiya bwagirizwa gusambura inyubakwa, amashure, amaduka y’urudandaza, imodokari z’abasivile, n’imodoka za rusehabaniha zitwara abarwayi. Ibi bitero vyahitanye ubuzima bw’abasivile abandi barakomareka, nkuko umushikiranganji Blinken yabivuze.

Mu ndwi iheze, Perezida Biden yise perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine ko ari uwakoze ivyaha vyo mu ntambara.

AP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG