Uko wahagera

Centrafrika: Abatavuga Rumwe na Reta Banse Kwitaba Ibiganiro


Perezida wa Centrafrika Faustin-Archange Touadera ashikiriza ijambo igihe yariko yimikwa mu mabanga ya perezida i Bangui, kw'itariki ya 30/03/2021
Perezida wa Centrafrika Faustin-Archange Touadera ashikiriza ijambo igihe yariko yimikwa mu mabanga ya perezida i Bangui, kw'itariki ya 30/03/2021

Imihari itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya Centrafrika yavuze kuri uyu w’Imana ko bataja mu biganiro vya poritike bitegekanijwe gutangura kuri uyu wa mbere kuko imihari irwana y’abarobeli yakumiriwe.

Centrafrika yinjiye mu ntambara hagati y’abenegihugu kuva mu 2013 ariko Perezida Faustin Archange Touadera, ku wa kabiri w’indwi iheze yasavye ibiganiro vyo gusubiza hamwe abonse rimwe. Ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi batafashe ibirwanisho basaba ko n’abarobeli bahabwa intebe kuri iyo meza y’ibiganiro.

Umuvugizi wa perezida, Albert Yaloke Mokpeme yavuze ko ata kibuza ko ibiganiro bitangura kuri uyu wa mbere nkuko vyategekanijwe, no mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi babidohotsemwo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG