Bitegekanijwe ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryemeza mu buzoba bubaye ubwa mbere uno musi ku wa gatatu umugambi werekeye amasezerano y'ukugira umuziro ikoreshwa ry'ibintu vya plastike mu makungu.
Ishirahamwe ONU rimenyesha ko ari amasezerano azoba akomeye cane yerekeye gukingira ibidukijje azoba ashitsweko kuva habaye amasezerano kw’ihindagurika ry’ibihe y’i Paris yo mu mwaka w’i 2015.
Ibihugu bigize ishirahamwe ONU vyaragize ibiganiro mu kiringo kirenga indwi i Nairobi muri Kenya kugira vyumvikane ku masezerano agenewe kugira umuziro ibintu vya plastike bigeramira bikomeye ibidukikije.
Bitegekanijwe ko abategetsi b’amareta bemeza mu mpera z’uyu musi ingino itegekanya ibizoba biri muri ayo masezerano bitegekanijwe ko azoherahezwa mu mpera z’umwaka w’i 2024. Bitangazwa na Inger Andersen, umuyobozi nshingwabikorwa w’umugambi w’ishirahamwe ONU ujejwe ibidukikije.
Yabwiye abaserukiye ibihugu vyabo bari i Nairobi ko amasezerano agira umuziro ikoreshwa ry’ibintu vya plastike yoba ari amasezeranao akomeye cane. Yamara aragabisha ko kugira amasezerano ayo ari yo yose ashikweko bizova ku vya nyuma bizoba biri muri ayo masezerano akiriko araganiwa.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryatangaje ku musi wa mbere ko integuro y’ingingo bitegekanijwe ko ifatwa uno musi ku wa gatatu ivuga ko amasezerano agira umuziro ikoreshwa ry’ibintu vya plastike azotegerezwa kwubahirizwa. (Reuters)
Facebook Forum