Uko wahagera

Ibihugu Bisabwa Kwihutisha Kugabanya Ivyuka Birungika mu Kirere


Icapa c'inama ya COP iriko ibera muri Ecosse

Integuro y'urwandiko rw'abari mw'ikoraniro kw'ihindagurika ry'ibihe mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse rwasavye uno musi ku wa gatatu ibihugu kwihutisha gushira mu ngiro imigambi y'ukugabanya imyuka mibi igeramira ibidukikije mu mwaka w'i 2022, imyaka 3 imbere y'igihe cari categekanijwe imbere yaho.

Ni inyuma y’uko ivyatohojwe vyerekanye ko umugambi amakungu yishinze wo kugabanya ubushuhe gushika ku rugero rwa degree 1.5 Celsius uri kure nk’ukwezi. Inyuma y’imisi 10 y’ibiganiro hagati y’abaserukiye ibihugu bigera ku 200 mu gisagara ca Glasgow ku kugene amakungu yoshira mu bikorwa imigambi yumvikanyweko mu masezerano y’i Paris, integuro y’urwandiko rwategekanijwe isaba ibihugu kwihutisha ivyerekeye kugabanya imyuka mibi igeramira ibidukikije mu mwaka uza.

Integuro y’urwo rwandiko izohinduka mu gihe abaserukira ibihugu bitandukanye vyo kw’isi bariko batera basozera ikoraniro kw’ihindagurika ry’ibihe imenyesha ko gutuma ubushuhe butarenga degree 1.5 Celsius bisaba ingingo zigaragara kandi z’ukuri ku mpande zose.

Muri iyo nteguro, abategetsi bamenyesha ko kugabanya bikomeye imyuka mibi igeramira ibidukikije bikenewe cane kugira bitume amakungu yirinda ingaruka mbi zikomeye z’iyongerekana ry’ubushuhe kw’isi. Ibihugu bitari bike vyo kw’isi biza vyarageramiwe bikomeye n’imyuzure ikomeye, uruzuba n’ibihuhusi.

Ubwongereza bwakiye ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe ririko ribera mu gisagara ca Glasgow bwari bwavuze ko ari akaryo ko gufata ingingo zizotuma ubushuhe kw’isi butarenga degree 1.5 Celsius, inyuma y’uko iyo nama yigijweyo mu kiringo c’umwaka, bivuye ku kiza ca Covid-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG