Uko wahagera

Abimukira 500 b'Abanyafurika Binjiye muri Espanye


Bamwe mu bimukira b'abanyafurika ku mupaka wa Melilla
Bamwe mu bimukira b'abanyafurika ku mupaka wa Melilla

Abimukira 500 binjiye mu gice ca Melilla gikukira igihugu ca Espanye bavuye muri Maroke nkuko abategetsi bo muri ico gice babitangaje uno musi ku wa gatatu. Sabrina Moh, aserukira Reta ya Espanye muri Melilla, yabwiye iradiyo yaho, Cedena COPE ko yatangajwe n’uko abantu barenga 2,000 bagerageje kwinjira muri ico gice bavuye ku butaka bwa Maroke. Igitigiri kinini cane kitari bwibonekeze imbere yaho.

Abantu bariko bahunga ubukene canke uruhagarara bararindira indwi canke mbere n’amezi atari make mu micungararo y’ibice vya Melilla na Cueta vyegukira Espanye, biri mu buraruko bwa Afrika ku nkengera z’ibahari Mediterane kugira haboneke akaryo ko guca mu ryahumye abapolisi ku mpande zose z’urubibe. Babishoboye baragerageza kubandanya bagana igihugu ca Espanye hamwe n’ibindi bice vy’Uburaya.

Radiyo Cedena COPE yerekanye amasanamu ya video ku mbuga ngurukanabumenyi y’abimukira bariko bagira imisi mikuru, bamwe muribo buzuye amaraso igihe bariko barekeza ikibanza c’abimukira hagati mu gice ca Melilla. Ico kibanza gishobora kwakira abantu 480.

Ibiro vya reta yaho vyasohoye itangazo rivuga ko abajejewe gukingira imbibe za Maroke barengewe igihe abantu batari musi y’i 2,500 bagerageza kwinjira mu gice ca Melilla igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo zaho. Ivyo biro bivuga ko abo bantu bari bitwaje inkoni bateye amabuye abari bajejwe kungira imbibe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG