Uko wahagera

Abimukira 9 Bapfiriye muri Mediterane Bagerageza kujabuka mu Buraya


Ubwato bw'abimukira mw'ibahari Mediterane

Abimukira icenda bapfiriye muri Mediterane kuri uyu wa mbere inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu mazi ku nkengera za Tuniziya bariko bagerageza kuja ku mugabane wa Buraya. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji wa Tuniziya ajejwe kwivuna abansi.

Ibiziga vy’abo bimukira, bamuka mu bihugu bitandukanye vya Afurika vyatowe n’abasirikare bakizura imbibe z’amazi, mu ntara ya Al-Mahdia iri ku nkengera z’ibahari Mediterane.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko abandi bimukira icenda batabawe. Bwisunze amakuru bwahawe n’abarokotse, buvuga ko ubwo bwato bwandurutse ku kivuko ca Sfax muri Tuniziya mw’ijoro ryo ku musi w’Imana butumbereye kuja ku mugabane wa Buraya.

Ubutaliyano nico gihugu abimukira bakunda kujamwo imbere yo gushwiragira mu bindi bihugu vy’Uburayi. Buririra ubwato mu bihugu vya Tuniziya na Libiya. Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko aya mayira ari mabi cane kw’isi ku bimukira.

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu ryo muri Tuniziya, FTDES rivuga ko mu mezi icenda ya mbere yo mu 2021, abasirikare bo ku mbibe z’amazi bafashe abimukira 19.500 bariko bagerageza kujabukira mw’ibahari Mediterane.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko abimukira hafi 1.300 baburiwe irengero canke bapfiriye mw’ibahari Mediterane mu mwaka uheze.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG