Uko wahagera

Abandura Virusi ya Corona muri Hong Kong Bariyongera


Hong Kong, ivuga ko ibitigiri bafise kuri uno musi wa mbere vy’abantu bashasha baheruka kwandura umugera wa Corona bishika ku 34.466. Abategetsi bavuga ko guhagarika uruja n’uruza biri mu migambi yabo naho bari baheruka kuvuga ko kubikora ari ingingo yoba idatomoye na gato.

Hong Kong ni igisagara kibangamiwe n’umugera wa Corona, cane cane ubwoko bwa Omicron. Ibitigiri vy’abayandura biheruka kwiyongera incuro zine mu kiringo c’indwi imwe. Ni inyuma y’aho mu ndwi iheze bari batangaje ko handuye abantu ibihumbi 7.500 bonyene.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Albert Au, umuyobozi w’ibiro bijejwe amagara y’abantu, yavuze ko abona ko ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona bigiye kugwira incuro zibiri buri misi itatu kandi ko bigiye kubandanya vyiyongera.

Hong Kong ni igisagara catangaje ko abantu 87 bamaze kwitaba Imana kandi ko 67 muri bo batari barikingije. Bitegekanijwe ko abayobozi bajejwe amagara y’abantu bashobora gufata ingingo zishobora kuba zirimwo ugusaba abantu kuguma mu ngo zabo, ivyo bigakorwa bicishijwe mw’itegeko canke mu bundi buryo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG