Uko wahagera

Covid-19: Ingenzi z'Abanyafrika Zongeye Kwemererwa mu Bwongereza


Ingenzi zambaye udupfukamunwa ku kibuga c'indege i Londres

Ubwongereza bugiye guhagarika ingingo bwafashe yo kubuza ingenzi ziva mu bihugu 11 vya Afrika kwinjira mu gihugu. Iyo ngingo yafashwe igihe ubwoko bwa Covid-19 bwa Omicron bwagaragara muri Afrika y’epfo. Ibi reta y’Ubwongereza yabitangaje kuri uyu wa kabiri naho ubwoko Omicron burushiriza kwandukira benshi muri ico gihugu.

Inyuma y’aho ubwo bwoko bugaragariye ubwa mbere muri Afrika y’epfo no muri Hong Kong mu kwezi kwa cumi na kumwe, reta y’Ubwongereza yaciye ishira ku rutonde rutukura ibihugu 11 vya Afrika mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Sajid Javid yabwiye inama nshingamateka kuri uyu wa kabiri ko iyo ngingo ikurwaho kuri uyu wa gatatu kuko ubwo bwoko Omicron buza bumaze gukwirakwira kw’isi hose.

Ibihugu biri kuri urwo rutonde ni Angola, Botswana, Eswatini, Lesotho, Malawi, Mozambike, Namibiya, Nijeriya, Afrika y’epfo, Zambiya na Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG