Uko wahagera

Imiriyoni 13 z'Abanyagihugu ba Yemeni Bugarijwe n'Inzara


Umuvyeyi areze umwana wiwe muri Yemeni
Umuvyeyi areze umwana wiwe muri Yemeni

Ishami ry'ishirahamwe ONU ritanga ibifungurwa, PAM, ritangaza ko abanyayemeni imiliyoni 13 bashobora kugeramirwa n'ikigoyi. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PAM, David Beasley, atangaza ko vyatewe n’ingwano itarangira muri Yemeni n’ukuba ata mafaranga ahari agenewe gufasha abanyagihugu.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, ku musi wa gatatu, David Beasley, yatangaje ko ibintu bimeze nabi cane muri Yemeni mu gihe abanyagihugu barenga ibice 40 kw’ijana basanzwe bazera ku mfashanyo z’ibifungurwa zitanzwe n’ishirahamwe PAM.

Amenyesha ko bariko bagaburira muri iki gihe abantu imiliyoni 13 ku bantu imiliyoni 30 bari mu gihugu. Atangaza ko amafaranga ariko arabaherana. Abantu batari bake kw’isi barageramiwe n’inzara mu bice bitandukanye vyo kw’isi kuva ikiza ca Covid-19 cadutse. Muri iki gihe, abantu imiliyoni 285 kw’isi barageramiwe n’inzara, bikaba bitorohera ishirahamwe PAM kuronsa abanyayemeni ivyo bakeneye.

Beasley avuga ko ishirahamwe PAM ayoboye ryategerejwe kugabanyamwo kubiri ibifungurwa ryaha abanyayemeni imiliyoni 8 bivuye ku kubura kw’amafranga. Ku bw’ishirahamwe PAM, abantu bagera ku miliyoni 811 kw’isi badafise ibifungurwa bihagije. Abagera ku miliyoni 45 mu bihugu 43 bashobora kugeramirwa n’ikigoyi.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PAM, David Beasley, avuga ko iryo shirahamwe rikeneye ayandi mafaranga agera ku miliyaridi 6 y’amadolari kugira rishobore gufasha ibitigiri bitera vyiyongera vy’abakeneye imfashanyo y’ibifungurwa kw’isi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG