Uko wahagera

Imyiyerekano Yiyamiriza Abakundana Basangiye Ibitsina muri Senegali


Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi muri Senegal baraye bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza umuco w’abantu bakundana basangiye ibitsina. Iyo myiyerekano yari yateguwe n’umurwi w’Abayisilamu bavuga ko umugambi w’ababana basangiye ibitsina uriko uzanwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi kandi ko ubangamiye imico kama yabo.

Iyo myigaragambyo yabaye ejo ku musi wa mungu muri yo akagwi k’abagabo karaturiye ibendera ry’abubakana basangiye ibitsina, bongera baririmba bavuga bati “Senegal ntizokwigera yemera umuco wo kwubakana kw’abasangiye ibitsina”. Abandi bari bafise ivyapa vyanditseko “Iyamirize umuco wo kwubakana kw’abasangiye ibitsina” n’ibindi vyanditseko “Dusavye ihagarikwa ry’imico n’imigambi y’abubakana basangiye ibitsina canke abahindura ibitsina vyabo n’ababayeho mu buzima butajanye n’ibitsina vyabo.

Amategeko mpanavyaha y’igihugu ca Senegal gisanzwe kigizwe n’ibice 95 kw’ijana vy’abaIslamu avuga ko abubakana basangiye ibitsina baba bariko bakora ibidakorwa “kirazira hagati y’abasangiye ibitsina” kandi ko ibihano ari umunyororo w’imyaka itanu canke amande angana n’amadolari y’amanyamerika $2.500. Yamara abari mu myiyerekano bavuga ko batemera kw’iryo tegeko ribaho, abandi bakavuga ko ahubwo igihano co kwongerezwa ku myaka 10.

Ingingo yasaba ko ico kiringo mu munyororo coshikanwa ku myaka 10 yarasubijwe inyuma mu nama nshingamateka aho yashikirizwa mu kwezi kwa mbere. Abategetsi bo mu mahanga iyo bagendeye Senegal bama basavye ko ico gihugu corosha ibihano ku bantu bari ku rushi b'uwo mugwi w’abantu bubakana basangiye ibitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG