Ubusuwisi bwatoye bwongera buremeza ko abakundanye basangiye igitsina bubakana. Ubusuwisi buhambije ibindi bihugu vya Buraya biza vyaremeje iyo ngingo.
Ibiharuro vyashizwe ahabona vyerekanye ko referandumu yabaye kuri uyu w’Imana abavyemeje bashika ku bice 64.1 kw’ijana vy’abatoye. Ubusuwisi bwemeje imibonano mpuzabitsina ku bakundana basangiye igitsina kuva mu mwaka wa 2007.
Abashigikiye iyo ngingo bavuga ko abubakana basangiye ibitsina bazoca bashirwa ku rugero rumwe ku bijanye n’amategeko, ku buryo bashobora kuzorerera hamwe abana bavyawe n’abandi no kworoherezanya kuronka ubwenegihugu.
Abatabishibikiye bavuga ko bigiye kuzobangamira imiryango ishingiye ku bwiyunge hagati y’umugabo n’umugore. (AP)
Facebook Forum