Uko wahagera

Abaryamana Bahuje Igitsina Bahagurukiwe muri Ghana


Abasirikare ba Ghana bateye bongera barugara ibiro vy’abaharanira agateka k’abaryamana bahuje ibitsina ku murwa mukuru Accra kuri uyu wa gatatu. Ni inyuma y’aho abanyepolitike hamwe n’abarongoye amadini basabiye ko ivyo biro vyugarwa.

Kuryamana kw’abahuje ibitsina ni icaha muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero kandi ababayeho ubwo buzima barakumirwa.

Abaserukira ibihugu vyabo muri Ghana baranebaguwe igihe baja kwifatanya mw’iyugururwa ry’ico kigo kw’italiki ya 31 y’ukwezi kwa mbere.

Umuyobozi w’uwo murwi w’abaryamana bahuje ibitsina, Alex Donkor, yavuze ko kubugarira ikigo biteye kubiri n’uburenganzira bwa muntu.

Umushikiranganji wa Ghana ajejwe ivy’ibitsina, abana no gukingira imico, Sarah Adwoa Safo yavuze mu ndwi iheze ko ikibazo co guhana abaryamana bahuje ibitsina kidaharirwako kuko akaranga n’imico vy’igihugu bitavyemera.

Nta tegeko ririho muri Ghana ribuza gukundana muhuje ibitsina ariko kuryamana birahanwa, ku gifungo c’imyaka 25.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG