Uko wahagera

USA Itegekanya Gukuraho Amabwiriza kuri Covid-19


Abakora imyiyerekano yiyamiriza amabwiriza yo kurwanya Covid-19 i Washington, DC, kw'itariki ya 23/01/2022
Abakora imyiyerekano yiyamiriza amabwiriza yo kurwanya Covid-19 i Washington, DC, kw'itariki ya 23/01/2022

Umutegetsi mukuru mu gisata c’amagara y’abantu muri Reta zunze ubumwe za Amerika avuga ko Amerika iriko iregereza aho COVID-19 itagiteye ubwoba. Ni mu gihe ibisagara bitari bike, abikorera utwabo hamwe n’ibibanza vy’inkino bitanguye gukuraho ingingo zari zarafashwe zo kurwanya uwo mugera mu gihugu.

Umuyobozi w’ikigo kijejwe kugenzura no gukinga ingwara muri Amerika, Dr. Rochelle Walensky yavuze kuri uyu wa gatatu ko reta iriko irihweza uko izohindura ingingo zo kwambara udupfukamunwa n’amazuru mu ndwi ziri imbere.

Walensky yemeje ko abandura COVID-19 bagabanutse. Abinjira ibitaro n’abapfa nabo nyene baragabanutse.

Mu gihe ubwoko bwa Covid-19 bwiswe Omicron bwagabanutse inguvu kandi n’abanyamerika bipfuza gusezerera uyu mugera, reta hamwe n’abategetsi b’amashirahamwe y’abikorera utwabo baza baramaze guhagarika ingingo zafashwe zo kuwikingira.

Abandura COVID-19 hamwe n’abinjizwa ibitaro baragabanutse aho mu ndwi zibiri ziheze abandura ku musi muri Amerika bavuye ku 453.000 bashika ku 136.000 gushika ku musi wa kabiri, nkuko bivugwa na Kaminuza Johns Hopkins.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG