Uko wahagera

USA Yiteguriye Kuvanaho Ingingo Zikumira Ibihugu 8 vy'Afurika


Ikibuga c'Indege ca Dulles International Airport kiri muri Reta ya Virjiniya
Ikibuga c'Indege ca Dulles International Airport kiri muri Reta ya Virjiniya

Reta y’Amerika itegekanya gukuraho ingingo yari yafashe yo kutemera ku butaka bwayo ingenzi ziturutse mu bihugu 8 vyo muri Afrika kubera ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 bwa Omicron.

Prezida Joe Biden, ku musi wa kabiri, yaratangaje ko afise umugambi wo gufuta iyo ngingo. Amerika yari yafashe iyo ngingo mu kwezi guheze bivuye ku mpungenge ku bwoko bwa Omicron buriko bwandukira vuba na vuba. Abanyamahanga bari bankiwe ku butaka bw’Amerika kubera bagendeye kimwe muri ivyo bihugu 8 mu kiringo c’imisi 14 y’imbere y’aho, bazosubira kurekurirwa mu ndege zije muri Amerika inyuma y’isasita n’umunuta umwe y’ijoro kw’itariki 31 y’uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kw’itariki 29 y’ukwezi kw’icumi na kabiri, yaraziririje ku butaka bwayo abatari abenegihugu nka bose baherutse kugendera Afrika y’epfo, Botswana, Zimbabwe, Namibiya, Lesotho, Eswatini, Mozambike na Malawi inyuma yuko ubwoko bwa Omicron butowe muri Afrika y’epfo.

Abajejwe amagara y’abantu bari basavye ko Reta y’Amerika ikuraho ingingo yafashe kubera kuyigumizaho ata ngaruka iboneka vyari kugira ku vyerekeye ukuntu ico kiza kiriko kiragwirirana mu gihugu. Ingingo ya Amerika ntiyabujije indege canke Abanyamerika kuza baturutse mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG