Uko wahagera

Abantu Umuriyoni Bashasha Baranduye Covid-19 kuwa Mbere muri USA


CORONAVIRUS-USA

Reta ya perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, iriko irihuta ikora ibishoboka ngo ihagarike igwirirana ry’ubwoko bwa Covid-19 bwa Omicron. Ubu bwoko bwatumye ibitaro n’amavuriro birengerwa n’abarwayi bituma kandi umugambi wo gusubiza abanyeshure mu masomero inyuma y’uburuhuko bwa Noheli uhungabana.

Amerika yavuze ko ku musi wa mbere honyene handuye umuriyoni w’abantu bashasha. Iki ni igitigiri kirenze urugero ataho kiraboneka kw’isi. Rochelle Walensky, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ingwara no kuzirinda (CDC), yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu ko handuye abantu hafi 491.700 ku musi ku musi mu kiringo c’imisi itatu yikurikiranije.

Perezida Biden ku musi wa kabiri yahamagariye imiriyoni 35 z’abanyamerika bakuze batariteza incanco za Covid-19 kubikora, kuko ngo ni bo batumye ibitaro birengerwa.

Iri rwirirana rya Omicron ryatumye amashure arenga 3200 yugara muri iyi ndwi muri Amerika yose, nkuko bigaragara mu rubuga rwa interineti rukurikirana ihungabana ry’ivyigwa mu mashure.

Kuva Corona itera, Amerika imaze kuronka abantu barenga imiriyoni 57.3 banduye barimwo abarenga 829.000 imaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG