Uko wahagera

USA: Bamwe Ntibemera ko Gucandagwa Covid-19 Bigirwa Itegeko


Abakozi mu myiyerekano banka itegeko ryo gucandagwa ku nguvu, mu gisagara ca Bath, muri Maine. Kw'itariki ya 20/102021
Abakozi mu myiyerekano banka itegeko ryo gucandagwa ku nguvu, mu gisagara ca Bath, muri Maine. Kw'itariki ya 20/102021

Reta ya Perezida Joe Biden ivuga ko ifise ububasha bwo gutegeka abakoresha mu buzi gusaba nabo gutegeka abakozi babo hafi imiliyoni 84 kuzoba barafashe urucanco rwa Corona hatarenze itariki 4 z’ukwezi kwa mbere umwaka uza. Bitabaye uko bagasabwa kwama bambaye udupfukamunwa no kwama berekana ko bipimishije ku ndwi ku ndwi.

Sentare y’iyungururizo muri Amerika, mu ndwi iheze yabaye irahagarika iri tegeko rya reta ya Perezida Biden. Reta yisigura ivuga ko iyi ngingo itumbereye guhagarika uyu mugera umaze kwica abantu barenga 750.000 muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Amerika ni yo iza imbere y’ibihugu vyose kw’isi mu kubura abantu benshi bahitanwe n’iki kiza.

Amareta menshi arongowe n’abarepublikani yaravuze ko adashigikiye iri tegeko rya perezida w’umudemokrate. Ba buramatari bayarongoye hamwe n’abakoresha bamwe baritwaye mu masentare kugira iyi ngingo ihagarikwe. Bavuga ko gutegeka abantu kwicandagisha ku nguvu no kuguma bambaye udupfukamunwa birengeye ubutegetsi bwa reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG