Uko wahagera

USA: Ikigo FDA Cemeje ko Incanco za COVID-19 Zisahirizanya


Ikigo ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti FDA, catanze uburenganzira ko incanco za Covid-19 zahinguwe n’amahinguriro atandukanye zishobora gusahirizanya, inyuma y’aho umuntu aba yafashe umuce wa mbere w’urwo rucanco. Ikigo FDA cavyemeje kuri uyu wa gatatu.

Incanco zahinguwe na Pfizer, Moderna, na Johnson & Johnson ni zo zemewe muri Amerika. Uwatewe doze zibiri za rumwe muri Pfizer na Moderna ashobora kwiteza doze ya gatatu yo kwunganira akoresheje urundi rucanco.

Gushika ubu abantu barengeje imyaka 65 canke abashobora kurembeshwa n'indwara ni bo bashobora guhabwa izo ncanco z’inyongera.

Ariko ikigo FDA kiramenyesha ko incanco za Pfizer na Moderna, vyagaragaye ko hari abo zagiriye ingaruka mbi zirimwo n’ibibazo vyo mu mutima ku muce w’abahungu n’abagabo bakiri bato.

Urucanco rwa Johnson & Johnson rwo ngo ruratuma amaraso avura inyuma y’indwi imwe canke zibiri rutewe umuntu. Abashobra kubangamirwa kuruta abandi ni ab’igitsina gore bafise imyaka iri hagati ya 18 na 49. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG