Uko wahagera

Covid-19: Pfizer-BioNTech Rwemerewe Guterwa Abari Hagati y'Imyaka 12 na 15


Lauren Borenstein, w'imyaka 16, ahabwa urucanco rwa Pfizer-BioNTech muri Pharmacy i Schwenksville, Pennsylvania, kw'itariki ya 3/03/2021
Lauren Borenstein, w'imyaka 16, ahabwa urucanco rwa Pfizer-BioNTech muri Pharmacy i Schwenksville, Pennsylvania, kw'itariki ya 3/03/2021

Ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ibifungurwa n’imiti, FDA kuri uyu wa mbere catanze uburenganzira ku rucanco rwa Covid-19 rwa Pfizer-BioNTech ku bana bari hagati y’imyaka 12 na 15.

FDA ivuga ko ari intambwe ihambaye mu kurwanya ico kiza no kugaruka mu buzima busanzwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

FDA yaheruka guha uburenganzira urucanco rwa Pfizer-BioNTech ku bana b’imyaka 16 no kuduga.

Ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, CDC, cavuze ko abantu bangana umuriyoni 1 n’ibihumbi 500 bari hagati y’imyaka 11 na 17 banduye uwo mugera hagati y’itariki 1 y’ukwezi kwa gatatu, 2020 n’itariki 30 y’ukwezi kwa kane, 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG