Uko wahagera

Pfizer na BioNTech Basaba ko Urucanco rw'Abana Rwemezwa


 Pfizer-BioNTech coronavirus disease (COVID-19) vaccine is seen in this illustration picture taken, March 19, 2021.
Pfizer-BioNTech coronavirus disease (COVID-19) vaccine is seen in this illustration picture taken, March 19, 2021.

Amahinguriro abiri y’imiti yishize hamwe mu gukora urucanco rwa COVID-19, Pfizer na BioNTech, yavuze kuri uyu wa kabiri ko agiye gusaba reta ya Amerika kuyaha uburenganzira bw’uko urucanco rwabo ruterwa abana b’imyaka iri hagati y’itanu na 11.

Ayo mahinguriro y’imiti yatangaje uwo mugambi wayo inyuma yo kurungika ibiri mw’igerageza ry’ibanze ryarwo ku kigo ca Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti, FDA, mu ndwi iheze. Pfizer na BioNTech zivuga ko mw’igerageza ryakozwe ku bantu 2.268 ryerekanye ko urwo rucanco ata ngaruka mbi rutera kandi rukwiriye kuri urwo rugero rw’imyaka.

Kwandura COVID-19 mu bana bato kwarashitse ku rugero rwo hejuru mu ntango z’uku kwezi, nkuko vyashikirijwe n’urunani rw’abavura abana muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abana basanzwe bari mu batandura cane COVID-19, ariko abahinga muvy’amagara y’abantu bavuga ko bashobora kuyanduza abandi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG