Uko wahagera

Paul-Henri Damiba Yemejwe ko ari Perezida wa Burkina Faso


Liyetena colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, arongoye akagwi k'abasirikare bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso
Liyetena colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, arongoye akagwi k'abasirikare bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso

Umukuru w’abasirikare baheruka gufata ubutegetsi ku nguvu mu kwezi guheze muri Burkina Faso, Paul-Henri Sandaogo Damiba, yemejwe n’akanama gahagarariye ibwirizwa shingiro ko ari perezida, nkuko amakuru ava mu butungane yabivuze kuri uyu wa kane. Damiba yahawe kandi ububasha bwo kuba umukuru kizigenza w’intwaramiheto.

Ibi bije gushimangira ivyo akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi batangaje kw’itariki ya 31 y’ukwezi kwa mbere, ko Damiba ari we azorongora ikiringo mfatakibanza kandi azobifashwamwo n’ivyegera vya perezida bibiri.

Itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane, akanama gahagarariye ibwirizwa shingiro kavuze ko Damiba azorahirira ayo mabanga muri uku kwezi kwa kabiri, itariki 16, ku murwa mukuru Ouagadougou. Ariko ikibazo c’itariki y’amatora ntikiratomoka.

Mu kwezi kwa mbere itariki 24, abasirikare b’intwazangabo barongowe na Damiba barakuye ku butegetsi perezida yatowe, Roch Marc Christian Kabore. Uyu yari amaze igihe yidogerwa n’abanyagihugu ko yananiwe kurangiza ikibazo c’umutekano muke watewe n’abakora iterabwoba.

Ku musi wa gatatu, akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano karashikirije amakenga kw’ihindurwa rya reta ritisunze ibwirizwa shingiro muri Burkina Faso. Ariko ntibavuze ko yabaye kudeta eka kandi ntibayiyamirije bikabije nkuko vyabaye kuri Mali.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG