Uko wahagera

Bamwe mu Bahatswe Guhirika Ubutegetsi bwa Gineya Bahasize Ubuzima


Umaro Sissoco Embalo Yahatswe Guhirikwa ku ButegetsI
Umaro Sissoco Embalo Yahatswe Guhirikwa ku ButegetsI

Abantu 6 barapfuye muri kudeta yateshejwe y'ugukura ku butegetsi prezida wa Guinee Bissau, Umaro Sissoco Embalo. Radiyo ya reta yatangaje iyo nkuru, uno musi ku wa gatatu.

Mu bapfuye muri iyo kudeta yabaye ku musi wa kabri barimwo 4 mu bayikoze n’abasirikare 2 bajejwe gukingira umukuru w’igihugu.

Prezida Embalo yatangaje mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri ko ibintu vyasubiye mu buryo inyuma y’uko amasasi yasanye mu kiringo kirenga amasaha 5 hafi y’icicaro ca reta yariko agirishirizamwo inama y’abashikiranganji.

Ivyerekeye abari inyuma y’iyo kudeta ntibitomoye gushika ubu. Yamara Prezida Embalo yatangaje ko yari ifitaniye isano n’urugamba rwa reta yiwe rw’ukurwanya abacuruza ibiyayuramutwe ah’ukuba umugambi w’igisirikare w’ugufata ubutegetsi.

Yavuze ko itari kudeta gusa, ko kari akigoro k’ukwica umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere, hamwe n’abandi bashikiranganji bose ba reta.

Muri ico gihe abanyagihugu baba ku murwa mukuru basubiye mu buzima bwabo bwa misi yose.

Hamaze kuba canke kugeragezwa amakudeta 10 muri Guinee Bissau kuva ico gihugu cikukiye mu mwaka w’i 1974. Umukuru w’igihugu umwe yatowe biciye mu nzira ya demokrasi ni we wenyene gusa yarangije ikiringo ciwe.

Akarere ko muri Afrika karageramiwe n’amakudeta atari make y’igisirikare mu kiringo c’amezi 18 arangiye, harimwo 2 muri Mali, imwe muri Guinee n’iyindi imwe muri Burkina Faso yabaye mu ndwi irangiye. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG