Uko wahagera

HRW Isaba Amatohoza ku Rupfu rw'Abahinga ba ONU Biciwe muri RDC


Abahinga ba ONU, Zaida Catalan na Michael Sharp, baburiwe irengero muri Kasaï kw'itariki ya 12/03/2017 mu nyuma batorwa ibiziga kw'itariki ya 27 y'ukwezi kwa gatatu.
Abahinga ba ONU, Zaida Catalan na Michael Sharp, baburiwe irengero muri Kasaï kw'itariki ya 12/03/2017 mu nyuma batorwa ibiziga kw'itariki ya 27 y'ukwezi kwa gatatu.

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu, Human Rights Watch, ryasavye umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres kuri uyu wa mbere gukora amatohoza yimbitse kandi yizewe kw’iyicwa ry’abahinga babiri ba ONU muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo mu 2017. Abo bahinga ni umugabo w’umunyamerika hamwe n’umukenyezi wo mu Busuwedi.

Iryo shirahamwe ryavuze ko ari ngombwa kandi ko hamenyekana uruhara abategetsi ba RDC babigizemwo kandi ko ibihano vyo gupfa vyafatiwe abantu 51 mu kwezi kwa mbere bikirimwo ibipfungu hamwe n’ibibazo bitararonka inyishu.

Umunyamerika Michael Sharp, hamwe na Zaida Catalan yamuka muri Suwedi baburiwe irengero kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa gatatu mu 2017. Bari mu ntara ya Kasai gutohoza ku binogo rusangi vyahambwemwo abantu mu ntambara yakurikiye urupfu rw’umukuru w’umuhari witwara gisirikare, Kamuina Nsapu, yishwe n’abajejwe umutekano.

Kubwa reta ya Kongo, abo bahinga bishwe n’abarwanyi b’umuhari wa Kamuina Nsapu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG