Uko wahagera

RDC: Umusirikare Yarahakanye Uruhara mw'Iyicwa ry'Abakozi ba ONU


Impuguke za ONU Zaida Catalan na Michael Sharp, barazimiriye muri Kongo tariki ya 11/03/2017, hanyuma ibiziga vyabo biboneka tariki ya 27 z'uko kwezi.
Impuguke za ONU Zaida Catalan na Michael Sharp, barazimiriye muri Kongo tariki ya 11/03/2017, hanyuma ibiziga vyabo biboneka tariki ya 27 z'uko kwezi.

Muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, umusirikare w’intwazangabo asumira urusaku inzego zijejwe iperereza z’ico gihugu, Jose Tshibuabua, yarahakanye ku musi wa mbere ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’abakozi 2 b’ishirahamwe ONU mu mwaka uheze. Ivyo vyatangajwe n’umushikirizamanza akwirikirana iyo dosiye.

Zaida Catalan, ava mu gihugu c’Ubusweda n’umunyamerika Michael Sharp, bishwe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2017. Bariko batohoza intambara mu ntara ya Kasai hagati y’inteko za reta n’abarwanyi bitwa Kamuina Nsapu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters, na Radiyo RFI vyatangaje mu kwezi kw’icumi na kabiri ko Jose Tshibuabua yafashsije gutegura urugendo rwa Zaida Catalan na Michael Sharp. Urwo rwabaviriyemwo kwicwa. Ayo makuru yatumye abantu bibaza ku ruhara inzego za Reta ya Kongo zagize ku vyerekeye iyicwa ry’abo bakozi 2 ba ONU.

Reta ya Kongo yagirije abarwanyi kuva mu ntango, kandi yarahagaritse abantu batari bake. Yamara mu kwezi kw’icumi na kabiri yatangaje ko abakorera inzego za Reta bashobora kuba barabigizemwo uruhara.

Ku musi wa mbere, Koloneli, Jose Tshibuabua na koloneli Jean de Dieu Mambweni, bahagaritswe mu mwaka uheze, baraserutse muri sentare iriko ibacira urubanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG