Uko wahagera

USA Yahaye Ghana Impano y'Incanco za Covid-19 Zirenga 560.000


A shipment of COVID-19 vaccines distributed by the COVAX Facility arrives in Abidjan, Ivory Coast, Feb. 25, 2021. Ivory Coast is the second country in the world after Ghana to receive vaccines acquired through the U.N.-backed COVAX initiative.
A shipment of COVID-19 vaccines distributed by the COVAX Facility arrives in Abidjan, Ivory Coast, Feb. 25, 2021. Ivory Coast is the second country in the world after Ghana to receive vaccines acquired through the U.N.-backed COVAX initiative.

Reta zunze ubumwe za Amerika yararungitse muri Ghana doze zirenga 560.000 z’urucanco rwa Covid-19 rwahinguwe na sosiyete ikora imiti Pfizer-BioNTech.

Umutegetsi wo muri perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko Amerika ihimbawe n’uko yafashe iya mbere mu kurwanya iki kiza. Yavuze kandi ko doze 565.110 zarungitswe ku musi wa kabiri.

Izi ncanco zizotangwa biciye mu mugambi COVAX, umugambi w’isi yose wo kugabanganya incanco za Covid-19 kugira n’ibihugu bikenye bishobore kuzironka.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko izi ncanco nshasha zivuye mu zishika igice c’umuriyaridi zemewe na reta ya Perezida Joe Biden mu mwaka uheze.

Ghana, igihugu c’imiriyoni 31 z’abenegihugu, imaze kuronka abanduye covid-19 bababa 157.000, n’abo imaze guhitana bangana 1.395, nkuko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS. Abamaze gufata uru rucanco barenga imiriyoni 9.7.

Mu kwezi guheze, perezida wa Ghana yatangaje ko igihugu ciwe kigiye gutanguza ihinguriro ry’incanco za COVID-19 mu bihe biri imbere, hamwe n’iz’igituntu na malariya. Perezida Nana Akufo-Addo yavuze ko uwo mugambi bazowufatanya na Senegal, u Rwanda hamwe n’ikompanyi yo mu Budagi ihingura imiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG