Uko wahagera

Burkina Faso Isaba Gushigikirwa n'Amakungu


Liyetena colonel Paul Henri Sandaogo Damiba, aramutswa ubutegetsi muri Burkina Faso
Liyetena colonel Paul Henri Sandaogo Damiba, aramutswa ubutegetsi muri Burkina Faso

Umukuru w’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso yasavye gushigikirwa n’amakungu. Hari mw’ijambo ryiwe rya mbere yashikirije igihugu kuri uyu wa kane. Abisavye imbere y’inama y’akarere ya CEDEAO yo kuri uyu wa gatanu, ishobora kuvamwo ibihano kuri ico gihugu.

Mw’ijambo yashikirije kuri Tereviziyo y’igihugu, Paul-Henri Sandaogo Damiba yavuze ko Burkina Faso ikeneye gushigikirwa n’amakungu kuruta uko vyahora imbere kugira igihugu kive muri uru ruhagarara rw’umutekano muke. Yabivuze inyuma y’imisi agiye imbere y’akagwi k’abasirikare kakuye Perezida Roch Marc Christian Kabore.

Abakuru b’ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bategekanya guhura kuri uyu wa gatanu kugira bagire ico bavuze kuri iyi kudeta yabaye ku musi wa mbere.

Burkina Faso ihambije ibindi bihugu bibiri vyo muri CEDEAO, ari vyo Mali na Gineya, navyo nyene vyabayemwo kudeta mu mezi cumi n’umunani aheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG