Uko wahagera

USA Ikeka ko Uburusiya Bufise Uruhara muri Kudeta muri Burkina Faso


Perezida w'Uburusiya
Perezida w'Uburusiya

Amakuru anugwanugwa ko Uburusiya bwoba buri inyuma ya kudeta yabaye muri Burkina Faso muri iyi ndwi yarashitse mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi. Ariko Amerika yirinze kwemeza ko aya makuru ari ukuri.

Abasirikare ba Burkina Faso, bagiye kuri tereviziyo batangaza ko bakuye Perezida Roch Kabore, bamuhora kunanirwa kugarukana umutekano mu gihugu.

Inyuma y’umusi umwe, Alexander Ivanov, arongoye Abarusiya bariko baramenyereza ingabo za Centrafurika, yavuze ko biteguye guha imyimenyerezo igisirikare ca Burkina Faso mu gihe cobisaba. Centrafurika yahaye akazi umugwi Wagner w’Abarusiya, aho uriko urafasha mu bijanye n’umutekano kuva mu 2017.

Cindi King, avugira ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa kane ko ubushikiranganji avugira bwumvise ko umurwi Wagner ushigikiwe n’Uburusiya uri inyuma ya kudeta yo muri Burkina Faso. Ariko bwirinze kwemeza ko ari ukuri.

Ijwi ry’Amerika ryarungikiye ubutumwa bwa email ambasade z’Uburusiya na Burkina Faso i Washington kugira bagire ico babivuzeko ariko nta nyishu baratanga.

Ikimenyeshamakuru The Daily Beast co muri Amerika candikira kuri Interineti, cabaye ica mbere catanze ayo makuru. Canditse kivuga ko amakuru cakuye mu begereye perezida Kabore, uyu yasabwe n’igisirikare guha akazi umuhari Wagner ariko aravyanka. Umwe mu bategetsi yavuze ko Kabore atashatse kwiteranya n’ibihugu vyo mu burengero mu kwanka gukorana n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG