Uko wahagera

COVID-19: USA Yahaye Kenya na Moritaniya Incanco Imiriyoni Zibiri


Abategetsi bariko barakira incanco za Covid-19 ku kibuga c'indege i Nairobi, muri Kenya, kw'itariki 6/09/2021
Abategetsi bariko barakira incanco za Covid-19 ku kibuga c'indege i Nairobi, muri Kenya, kw'itariki 6/09/2021

Kenya na Moritaniya vyaronkejwe incanco hafi imiriyoni zibiri za Covid-19 zatanzwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Umutegetsi muri perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko zatanzwe mu ntumbero yo kurwanya ubwoko bwa Covid-19 bwiswe Omicron.

Uwo mutegetsi yavuze ko Amerika yiyemeje gufata iya mbere mu kurangiza iki kiza hose kw’isi.

Kenya, ifise abanyagihugu hafi imiriyoni 54, yahawe incanco 1.368.900 zahinguwe na Pfizer, mu gihe Moritaniya y’abantu imiriyoni 4.65, yaronkejwe doze 604.620 zigizwe n’iza Pfizer na Johnson & Johnson.

Moritaniya yagiye ku mwanya wa 12 mu bihugu vya Afrika vyashitse kw’ihangiro rya OMS ryo gucandaga 10 kw’ijana vy’abanyagihugu imbere y’uko ukwezi kw’icenda kurangira.

Perezidanse ya Amerika ivuga ko incanco zirenga imiriyoni 390 ku muriyaridi 1.1 yemeye zimaze gutangwa cane cane muri Aziya na Afrika.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG