Uko wahagera

Financial Times: Ibihugu Bikenye Bironswa Incanco za Covid-19 Nkeya


Incanco za Covid-19 zarungitswe muri Kenya biciye mu mugambi wa Covax

Ikinyamakuru Financial Times co muri Amerika candika amakuru asesanguye ajanye n’ubutunzi gitangaza ko umugambi wa Covax ujejwe gukwiragiza incanco za Covid-19 mu bihugu bitandukanye, ata kinini uriko urashikako.

Financial Times yemeza ko muri uwo mugambi w’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ibihugu bitunze bimaze kuharonkera incanco nyinshi gusumba ibikenye. Ico kinyamakuru bimwe mu vyemezo gitanga ni uko mu bihugu bikenye, imiriyoni n’imiriyoni z’abanyagihugu batararonka urucanco rwa mbere mu gihe mu biteye imbere, abanyagihugu bavyifuza baja baratanguye gucandarwa ku ncuro ya gatatu mu ntumbero yo kwongereza amahirwe yo kutandura Corona.

Ubusumbasumbane The Financial Times ivuga ko bwibonekeza mw’itangwa ry’incanco za Corona bushobora kuzotuma ubwandu bw’uyo mugera bwiyongera, bigenze uko ubutunzi bw’isi bukazosubira inyuma cane nkuko ico kinyamakuru kibivuga.

OMS nayo itangaza ko ibihugu 82 ari vyo bishobora kugera mu mpera z’uno mwaka bitarashikana umugambi w’iryo shirahamwe wo gucandaga ibice 40% vy’abanyagihugu bavyo bitarenze mu kwa cumi na kabiri. Tedros Adhanom Ghebreyesus atwara OMS asigura ko vyinshi muri ivyo bihugu bibiterwa n’uburyo buke butavyemerera kuronka incanco zikwiye.

Hagati aho, kaminuza ya Johns Hopkins ifise icicaro mu gisagara ca Baltimore kiri muri Reta ya Maryland aha muri Amerika, itangaza ko abamaze kwandura virusi ya Corona kw’isi yose ari imiriyoni 243 n’ibihumbi 300, mu gihe abo imaze guhitana ari imiriyoni 5. Abamaze kwicandagisha kw’isi yose nabo ni imiriyoni 6 n’ibihumbi 700.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG