Inama nshingamateka y’Ubufaransa yahaye reta uburenganzira bwo gukurikiza ingingo yafashe zo guhangana n’ikiza ca COVID-19, harimwo na pasiporo yo kuba warahawe urucanco. Iyi ngingo yariyamirijwe n’abaterekwa uru rucanco.
Iyi ngingo igiye guca ishirwa mu ngiro mu misi iri imbere, izobuza abatarafata urucanco rwa Covid-19, kwinjira mu bibanza nk’amaresitora, amazu y’amasinema hamwe no mu matereni agenda urugendo rurerure badafise pasiporo yemeza ko bacandazwe.
Gushika ubu, abatarafata urwo rucanco barashobora kwinjira muri ivyo bibanza ariko berekanye igipimo c’uko batanduye. Hafi 78 kw’ijana vy’Abafaransa baramaze guhabwa incanco zose zisabwa, nkuko vyavuzwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu ku musi wa gatandatu.
Perezida Emmanuel Macron, yabwiye ikimenyeshamakuru Le Parisien co mu Bufaransa uku kwezi ko agamije kunaniza abanka gufata urwo rucanco.
Abatarafata urwo rucanco barakoze imyiyerekano ku murwa mukuru Paris hamwe no mu bindi bisagara ku musi wa gatandatu biyamiriza iryo tegeko.
Facebook Forum