Igiporisi muri Nijeriya kivuga ko abagabo bitwaje inkoho bishe abakozi babiri bakorera ku rugomero rw’umuyagankuba muri reta ya Nijeri, bongera banyuruza abakozi batatu b’abashinwa. Igiporisi cabivuze kuri uyu wa kane, kivuga kandi ko ibi vyabaye ku muhingamo wo ku musi wa kabiri.
Abagabo bitwaje ibikoho biremereye bararashe ku murango izuba ryaka ahariko hakorera abo bakozi kuri urwo rugomero hafi y’imihana y’i Gussase muri reta ya Nijeri hagati na hagati mu gihugu.
Umuvugizi w’igiporisi muri iyo reta, Wasiu Abiodun yavuze ko igiporisi caciye cihuta kirasana n’abo bantu kandi kibasha kurokora abandi bashinwa bane n’abandi bakozi babiri. Ariko abategetsi bavuga ko abo bakozi baruhiye gusandabira mu bitaro kubw’ibikomere vy’amasasu.
Igiporisi kivuga ko abategetsi bariko barakora kugira babohoze abo bandi bashinwa bakigizwe imbohe n’abo basuma.
Ambasade y’Ubushinwa muri Nijeriya ntaco iravuga kuri ibi vyabaye, ariko abanyamahanga bakunze kunyuruzwa n’abitwaje ibirwanisho kugira amakompanyi bakorera atange amafaranga menshi imbere yo kubarekura. (VOA)
Facebook Forum